Amerika mu nzira z'ibiganiro na N Korea

Ahavuye isanamu, Reuters
Inyuma y'umubonano yagiranye na perezida w'Ubushinwa Xi Jinping, umushikiranganji w'imigenderanire wa Amerika Rex Tillerson, yavuze ko hari inzira nyinshi zishoboka mu kuganira hagati y'igihugu ciwe na Koreya ya ruguru.
Umushikiranganji Rex Tillerson yavuze ko hariko harakoreshwa inzira zitandukanye mu ntumbero yo kwihweza nimba Koreya ya ruguru ikeneye koko ibiganiro.
Ubushinwa burifuza ko Koreya ya ruguru na Amerika biganira, n'ubwo ico gihugu cashize mu ngiro ibihano vyashizwe n'ishirahamwe mpuzamakungu kuri Koreya ya ruguru, kubera umugambi wayo wa Nuclaire.
Leta zunze Ubumwe za Amerika zifata Ubushinwa nk'igihugu gifise ububasha bwo kuburizamwo umugambi wa leta ya Pyongyang, wo kugwiza inguvu za Nuclaire.
Urugendo rwa Rex Tillerson wabanzirije urwa perezida Trump ateganya kugendera ubushinwa mu kwezi kwa cumi na rimwe uyu mwaka.






