Perezida Trump yaneguye abategetsi bo muri Puerto Rico

Ahavuye isanamu, THAIS LLORCA
Perezida Trump yaneguye umukuru w'igisagara ca San Juan muri Puerto Rico, nawe yari amaze kunegura Amerika ko ata vyinshi ziriko zirafasha mu gusanurira abahuye n'igihuhusi Maria.
Mu rukurikirane rw'ubutumwa yacishije ku rubuga rwa Twitter, bwana Trump yavuze ko Carmen Yulin Cruz, yatumwe n'aba Democrates kumugambararira.
Yamwise umutegetsi mubi, adashoboye kubwiriza abakozi biwe gufasha, agashaka abamukorera mu gishingo ciwe, ivyo vyose yabwirizwa kurangura ubwiwe.
Ku munsi wa gatanu, Yulin Cruz yaneguye uwujejwe umutekano ku rwego rw'igihugu ku majambo yavuze yemeza ko ibikorwa vyo gutabara abahuye n'igihuhusi Maria bigenda neza kandi ibintu bihagaze neza.
Yavuze ko abantu bakiriko barapfa, babuze amazi meza nayo abari mu bitaro ngo ntibagira oxygen.
Hari umwitwarariko ku munsi wa kane ko infashanyo zarungitswe zagumye muri San Juan, zitashoboye gutangwa.
Amabarabara yononekaye n'ubukene bw'ibitoro vyatumye infashanyo zidashika aho zagenewe.
Puerto Rico ni nk'intara yegukira Leta zunze Ubumwe za Amerika, ariko nta buserukizi ifise mu matora.










