Abantu 29 mu Bufaransa bakomerekeye ku kibuga c'umupira

29 barakomereka
Insiguro y'isanamu, Abafana baguweko n'uruzitiro
Yatangajwe

Amakuru aturuka mu bitaro bimwe vyo mu Bufaransa amanyesha ko abantu batari munsi ya 29 baguweko n'uruzitiro kuri uyu wa gatandatu bari kurorera umupira mu muji wa Amiens.

Abantu batanu mu bagera ku 29 bakomerekeye ku kibuga c'umupira mu muji wa Amiens mu Bufaransa, biravugwa ko boba bababaye cane.

Isanganya ryakomereje abantu batari munsi ya 29, ryabaye inyuma y'igitego cinjijwe mu rukino rwa Ligue Un, hagati y'imigwi ya Amiens na Lille.

Amasanamu ya tereviziyo yerekanye uruzitiro rw'ivyuma rukoroka igihe abafana bariko barigina ico gitego.

Abafana bahariugwa mu mirongo baciye bakorokera mu kibuga hagati, urwo rukino ruca ruranahebwa.