Intara ya Catalogneiritegurira imyiyerekano yo kwiyamiriza imidurumbanyo yo ku wa mungu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Imyiyerekano ikomeye ishobora guhagarika ubuzima mu gice kinini c'intara ya Catalogne bivuye ku matora ya kamarampaka adahuriweko na bose mu gihugu ca Espagne.
Iyo myiyerekano yahamagajwe n'amashirahamwe y'abakozi mu ntara ya Catalogne, wiyamiriza ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu ryagaragaye igihe hariko haraba amatora ya kamarampaka ku musi w'Imana.

Ahavuye isanamu, Reuters
Espagne ivuga ko ayo matora ya kamarampaka atakurikije amategeko, ariko abantu imiliyoni 2,2 barayitavye.
Abantu amajana n'amajana barakomeretse igihe igipolisi co muri Espagne cagerageza guhagarika ayo matora.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Bamwe mu bapolisi batumwe kubuza abantu kwitaba ayo matora barabonetse bariko bararasa amasoro atica ku bigo vy'amatora ari na ko bakwega imishatsi y'abapfasoni.
Abapolisi batatu barakomeretse ku musi wa mungu nk'uko bivugwa n'abajejwe amagara y'abantu mu ntara ya Catalogne.

Ahavuye isanamu, Reuters
Iyo myiyerekano yo kuri uyu wa kabiri uza gutuma akazi ko gutwara abantu katagenda neza.
Umugwi rurangiranwa w'umupira w'amaguru wa Barcelone na wo nyene ushobora guhagarika akazi n'aho ata rukino bafise uyu musi.
Aho ni mu gihe n'amakaminuza ya reta yose aza guhagarika akazi,











