Uwishe abantu i Las Vegas yari yashize kamera mu cumba ciwe mw'ihoteli

Ahavuye isanamu, Paddock family
Yatangajwe
Stephen Paddock yishe abantu 58 akoresheje inkoho yongera akomeretsa abarenga 500 i Las Vegas ku wa mungu, yari yashize kamera mu cumba ciwe n'inyuma yaco mw'ihoteli.
Kamera zibiri zari aho abantu baca baja mu vyumba vyabo zikaba zamufasha kumenya ko igipolisi kimusugereje, nk'uko igipolisi ubwaco kibimenyesha.
Abategetsi baracagerageza kumenya icatumye Paddock w'imyaka 64 arasa abantu bari mu giteramo ari mw'ihoteli ya Mandalay Bay.
Ariko barashoboye kumenya ko habaye imyiteguro ikimeye cane.
Abategetsi b'i Las Vegas bavuze ko igitigiri c'abapfuye cashitse ku 59 ku musi wa kabiri ku mugoroba, kandi ko kimwe mu biziga ari ico uwo mugabo yishe abandi akoresheje inkoho.

Ahavuye isanamu, Boston 25 News






