Abarohingya 12 batwawe bariko barahungira Bangladesh

Rohingya refugees arrive from Myanmar in Bangladesh. Photo: 7 October 2017
Insiguro y'isanamu, Abarohingya 12 batwawe bariko barahungira Bangladesh
Yatangajwe

Abantu 12 bapfuye igihe ubwato bwari butwaye aba islam b'abarohingya bariko barahunga igihugu ca Myanmar bwatwarwa hagufi ya Bangladesh.

Abantu benshi baburiwe irengero inyuma y'iyo mpanuka yabereye mu kiyaga ca Naf ku musi wa mungu.

Bizwi ko abantu 100 harimwo n'abana ari bo bari muri ubwo bwato.

Ibikorwa vyo gutabara biracabandanya.

Abantu benshi bo mu bwoko bw'abarohingya baramaze gutwarwa bariko baragerageza guhungira muri Bangladesh bahunga intambara iriko irabica biracika mu ntara ya Rakhaine.

Bangladeshi man helps Rohingya Muslim refugees to disembark from a boat on the Bangladeshi shoreline of the Naf river after crossing the border from Myanmar in Teknaf on 30 September 2017
Insiguro y'isanamu, Abarohingya 12 batwawe bariko barahungira Bangladesh

Igitigiri nyaco c'abantu bari muri ubwo bwato ntikizwi, ariko abakozi bo ku rubibe bo muri Bangladesh bavuga ko bari hagati ya 40 n'ijana.

Abo bakozi bavuga ko ibiziga 10 vy'abana, umupfasoni umwe n'umugabo ariyo imaze kuboneka gushika ubu.

Abantu boba bashika 60 barapfiriye mu mpanuka nkiyo mu kwezi kw'icenda.

bbc map
Insiguro y'isanamu, Watu 12 wa Rohingya wafa maji wakijaribu kuvuka kwenda Bangladesh