Abacamanza bahagaritse urubanza rw'uwuregwa kwica

Ahavuye isanamu, AFP/Getty
Yatangajwe
Muri Afrika y'epfo abacambanza bahagaritse urubanza umugore yagirizwamwo kwica umuntu yamusambanirije umwana w'umukobwa ku nguvu.
Impamvu ngo ni uko abo bacamanza barasanze amahirwe yo kumuhamya icaha ari makeyi cane.
Uwo mugore ava mu karere k'icaro mu ntara ya Eastern Cape, yafashwe amaze gutera imbugita umugabo umwe anakomeretsa abandi babiri, akavuga ko yabasanze bari kumusambaniriza umukobwa mu kwezi guheze.
Abo babiri barusimvye bagirijwe icaha co gusambanya ku nguvu uwo mukobwa w'imyaka 27.
Abanyafrika y'epfo bari bahagurukiye rimwe bashigikira uwo mugore, adashobora kuvugwa amazina kugira akingirwe.
Hari hanatangujwe uburyo bwo kuri internet bwo gutororokanya amafaranga yo kumufasha kuriha abamuburanira.










