Raila Odinga ntazokwitaba amatora ya prezida muri Kenya

Raila Odinga ntazokwitaba amatora ya prezida muri Kenya
Insiguro y'isanamu, Raila Odinga ntazokwitaba amatora ya prezida muri Kenya
Yatangajwe

Umukuru w'urunani rutavuga rumwe na reta muri Kenya, NASA, Raila Odinga yatangaje ko atazitaba amatora y'umukuru w'igihugu ategekanijwe itariki 26 z'uku kwezi.

Odinga avuga ko ashaka amatora mashasha hakurikijwe ivyasabwe na sentare ntahinyuzwa.

Ayo matora yo kuwa 26 azoba ari ayo gusubiramwo ayabaye mu kwezi kw'umunani, inyuma y'aho sentare ntahinyuzwa muri Kenya ifutiye ivyari vyayavuyemwo.

Odinga avuga ko avuye muri ayo matora kugira ahe akaryo akanama kajejwe gutegura amatora IEBC umwanya ukwiye wo guhindura ibikenewe kugira ayo matora azobe meza.

Akanama kajejwe gutegura amatora kari katangaje ko prezida Uhuru Kenyatta ari we yatsinze amatora.

IEBC yari yavuze ko Uhuru Kenyatta yari yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu aronse amajwi imiliyoni 14.