Trump yagabisheje kwaka uruhusha rwo gukora ibinyamakuru

Prezida Donald Trump abandanya gucanamwo n'ibimenyeshamakuru muri Amerika avuga ko bimubonera aranagabisha ko azohagarika impusha zivyemerera gukora.
Yashavujwe n'inkuru y'ikinyamakuru ca NBC ivuga ko yasavye abajejwe umutekano hamwe n'abasirikare bakuru b'abajenerare kwongereza cane ibirwanisho ruhonyanganda muri ico gihugu.
Prezida Trump avuga ko iyo nkuru bayikuriye mu mutwe.
Umushikiranganji wiwe wo kwivuna abansi Jim Mattis yavuze ko iyo nkuru atari yo.
Mu ndwi iheze NBC yavuze ko umushikiranganji w'imigenderanire wa Amerika Rex Tillerson yise Trump 'umuntu w'ikijuju', ivyo gushika ubu Tillerson atarahakana ariko prezida Trump avuga ko ari ububeshi.
Abanyamakuru bavuga ko bitazorohera uwo mukuru w'igihugu gufuta impapuro ziha uburenganzira ibimenyeshamakuru gukora.
Izo mpusha zitangwa n'akanama kajejwe itumatumanako muri ico gihugu.
Ariko imwi mu migwi iharanira agateka ka zina muntu ivuga ko Trump ariko aratanga akarorero kabi ku bandi bategetsi










