Prezida wa Catalogne yananiwe kwemeza ko bikukiye

Carles Puigdemont
Insiguro y'isanamu, Carles Puigdemont
Yatangajwe

Prezida w'intara ya Catalogne yananiwe kwemeza ko iyo ntara yikukiye mw'ikete yarungikiye reta ya Espagne.

Espagne yari yatanze ikiringo co gushika uyu musi kwa Carles Puigdemont, kwemeza ko bikukiye, bikaba vyatuma ico gihugu gifata ingingo yo kurongora iyo ntara bwegu.

Hagukora ivyo, umukuru w'iyo ntara ya Catalogne asaba ko haba ibiganiro mu mezi abiri ari imbere.

Puigdemont yatangaje ko bikukiye mu ndwi iheze inyuma y'amatora ya kamarampaka yabayemwo imishamirano, agiraho anafuta iyo ngingo kugira habe ibiganiro.

Ubu bshoboka ko Espagne itanga ikindi kiringo co gushika ku wa kane kugira Puigdemont yisubireko niyaba adashaka ko iyo ntara itwarirwa i Madrid ata bindi birinze gusabwa.

Umwanya wa nyuma wari wahawe Carles Puigdemont hari isaha 08:00 GMT uyu musi.

three Guardia Civil in riot gear carrying a man in civilian clothes
Insiguro y'isanamu, Ubutegetsi bwa Catalogne buvuga ko abantu barenga 800 bakomereye mu mishamirano n'igipolisi