Nta wagenywe gusubirira prezida Xi Jinping mu Bushinwa mu gihe hatowe abategetsi bashasha

Ahavuye isanamu, Reuters
Ubushinwa bwatangaje ko abategetsi bakuru ariko ntawagenywe azosubirira prezida Xi Jinping.
Kudatangaza uwuzokorera mu ngata prezida Xi vyatumye haba ururkuru ko ashobora kubandanya afise igihagararo gikomeye mu myaka itanu iri imbere, inyuma y'umusi umwe izina ryiwe rigiye mw'ibwirizwa shingiro.
Iryo genwa rigirwa ku bantu bazwi kw'izina rya Politburo, bafise inguvu nyinshi mu Bushinwa.
Iyo komite nkuru yerekanywe mu kibanza citiriwe abantu rurangiranwa mu Bushinwa.
Uretse Xi w'imyaka 64, umushikiranganji wa mbere Li Keqiang 62, ni we wenyene muri komite nkuru yagumye mu kibanza ciwe.

Mu myaka iheze, abategetsi b'Ubushinwa bagiye baragena umuntu umwe canke benshi muri komite nkuru azosubirira prezida, mu ntango z'ikiringo ca nyuma.






