Kenya: Amatora yo ku wa kane ntagisivye

Ahavuye isanamu, EPA
Akanama kajejwe amatora IEBC kamenyesheje ko amatora ya kabiri ategekanywa ejo ku wa kane azokogwa ukuri kwamye inyuma yaho Sentare Ntahinyuzwa iburiye abacamanza bakwiye bo kwumviriza urubanza rwasaba ko yunguruzwa.
Umucamanza mukuru David Maraga yavuze ko abacamanza babiri gusa aribo babonetse mu gikogwa cari gutuma amatora ahagarikwa ku mvo zuko akanama kajejwe amatora kataraheza kwitegura.
Niburiburi abacamanza batanu nico gitigiri c'abacamanza kirekuwe n'amategeko kugira ngo bashobore gufata ingingo.
Umwe mu bacamanza batitavye, icegera c'umucamanza mukur, ntiyashoboye kuja ku kazi inyuma yaho uwumucungerera umutekano arasiwe n'umuntu yitwaje ikigwanisho mw'ijoro riheze.
Umunyamategeko wo mu migambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi yavuze kw'ivyashitse ari icemezo ko ari igikogwa c'iterabwoba.
Kizigenza w'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi, Raila Odinga, yavuze ko atazitaba ayo matora ya kabiri, abayoboke biwe bo mu karere ko mu burengero bw'igihugu bakaba bari mu myiyerekano.
(Prezida Uhuru Kenyatta yasavye kw'ayo matora yotunganywa.)






