Burundi: Ihinduka ry'ibwirizwashingiro

Perezida Pierre Nkurunziza w'Uburundi
Insiguro y'isanamu, Perezida Pierre Nkurunziza ari ku butegetsi kuva muri 2005
Yatangajwe

Itangazo ry'ivyizwe mu nama ye lata rivuga ko mu bisabwa guhinduka harimwo ko umukuru w'igihugu yotorwa n'banyagihugu ubwabo kandi akaronswa ububasha yisangije kandi bukomeye.

Harimwo no gushing ikibanza gishasha c'umushikiranganji wa mbere hakaba n'icegera kimwe c'umukuru w'igihugu mu gihe hahora bibiri.

Ibitigigiri vy'amajwi akenewe mu kwemeza amategeko mu nama nshingamateka vyohinduka, aho yahora ari abiri kuri atatu akaba 50 kw'ijana hongeye ko ijwi rimwe ku mategeko asanzwe n'atatu kuri atanu ku mategeko amwe amnwe akomeye cane.

Ritiriwe riragaruka ku bitigiri vy'Abahutu 60 n'Abatutsi 40 kw'ijana mu nzego za leta na 50 kuri 50 kw'ijana mu gisirikare n'igipolisi, iryo tangazo rivuga hatazokorwako ingingo zijanye no gutsimbataza democrasi, amahoro n'umutekano, ugukingira abatavuga rumwe na leta n'uburenganzira bw'inkeshwa.

Ibizohinduka ni nvyinshi naho ata do n'ido ryavyo riri muri iryo tangazo rivuga ko ingingo 77 zizotegerezwa gusubirwwmo. Nizo zishobora kuba zirimwo izerekeye ikibazo nkoramutima c'ibiringo vy'umukuru w'igihugu ,ntaho kivugwa muri iryo tangazo.

Ariko umugwi wakoresheje ibiganiro mu gihugu wavuze ko abanyagihugu ku bwinshi bifuje ko ibiringo vyofutwa.

Amasezerano ya Arusha nayo agafutwa canke agasubirwamwo.

Hari ibinyamakuru bimaze kuvuga ko iyo nteguro itegekanya ko ikiiringo c'umukuru w'igihugu cova ku myaka 5 kikaja ku myaka ndwi, ikizira kukaba kurenza ibiringo bibiri bikurikirana.

Biba vyo bitaba vyo, bizomenyekana umugwi washinzwe kwerekana ingingo zikwiye guhindurwa mw'ibwirizwa nshingiro usohoye icegeranyo cawo ca nyuma mu minsi itarenga ukwezi usigaje ngo urangize ikiringo cawo.

Iyo nteguro izoba igisigaje inzira yo gutorwa n'abanyagihugu kw'isango ritaratagazwa icese n'ubwo hari abavuga ko ari mu kwezi kwa kabiri mu mwaka uza.