Yarashwe mu bihimba vy'irondoka agira yubake urwiwe

Kuryohegwa barasa mu kirere muri Iraki birakogwa cane mu karere k'ubuseruko bwa hagati no mu bindi bice vy'isi
Insiguro y'isanamu, Kuryohegwa barasa mu kirere muri Iraki birakogwa cane mu karere k'ubuseruko bwa hagati no mu bindi bice vy'isi
Yatangajwe

Umugabo w'umunya Misiri yaragiye kwubaka urwiwe yararashwe arakomeretswa n'insoro zirekuwe n'umutumire yariko arigina ubwo bukwei.

Uwo mugeni yakomeretse cane ku magara, ku kibero no mu kiganza, ariko aravurigwa mu bitaro.

Osman al-Alsaied w'imyaka 28, yariko arahamba ubusore, igihe insoro zimutumbereye aho kuja mu kirere.

Igipolisi kivuga k'umugabo w'imyaka 26 yarashe iyo nkoho, yarasamaye.

Kivuga ko yaciye yiruka amaze gukora iryo bara, ariko munyuma arafatwa, akaba ariko arasambishwa muri kino gihe.

Abari mu munsi mukuru w'ubukwe mu Misiri
Insiguro y'isanamu, Abari mu munsi mukuru w'ubukwe mu Misiri

Amakuru avuga kw'ivyashitse biriko biravugwa cane ku mbuga hwaniro, benshi bagasaba ko umugenzo wo kwigina ubukwe barasa, wohagarikwa.

"Mu gihe ukoze ivyo werekana akanyamuneza, wokora iki igihe woba ushavuye canke ubabaye?", niko umwe mu bakoresha Twitter yabajije.

Hari ibara nkiryo riheruka kuba mu kwezi guheze, mu bukwe bwabereye mu Misiri, niko Stepfeed yavuze.