Oscar Pistorius yongererejwe igipfungu incuro zirenga zibiri kubera urupfu rwa Reeva Steenkamp

Oscar Pistorius
Insiguro y'isanamu, Pistorius yishe Steenkamp mu 2013
Yatangajwe

Sentare ya Afrika y'epfo yaciriye urubanza rwo gupfungwa imyaka 13 n'amezi atanu umunonotsi Oscar Pistorius kubera kwica umukunzi wiwe Reeva Steenkamp.

Abashikirizamanza bavuze ko imyaka itandatu y'igifungo kubera yiwe Reeva Steenkamp "ari gito cane biteye isoni".

Umuvugizi w'umuryango wa Steenkamp yavuze ko urwo rubanza rwashatse kuraba ko habaye ubutungane.

Pistorius yavuze ko yishe Steenkamp ku musi mukuru w'abakundana mu 2013 amwitiranije n'umusuma.

Sentare ntahinyuzwa igisata c'iyungururrizo i Bloemfontein yamusabiye igipfungo c'imyaka n'imiburiburi 15 ku bwicanyi yagize muri Afrika y'epfo, ukuyemwo umwanya yari amaze gupfungwa.

Sentare y'ntango yasiguye ko yari yamuciriye gupfungwa imyaka itandatu kubera ko yicuza ivyo yakoze.

Uwwo munonotsi ntiyari muri sentare kwumviriza urwo rubanza.

Reeva Steenkamp - 7 February 2013
Insiguro y'isanamu, Umupfasoni Steenkamp yari rurangiranwa mu kurata imideli