Papa yatanguye urugendo rwiwe muri Bangladesh

Pope Francis arrives in Bangladesh
Insiguro y'isanamu, Papa azohereza inkuka y'imisa ku mugwa mukuru Dhaka ku musi wa gatanu
Yatangajwe

Papa Francis yashitse muri Bangladesh mu rugendo ruza kuvugirwamwo cane cane ikibazo c'impunzi z'aba Islam b'aba Rohingya bahunze igihugu ca Myanmar.

Papa yari avuye i Myanmar aho yanebaguwe n'amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu kubera yarananiwe kudoma urutoke ku kibazo c'aba Rohingya.

Ijambo ryiwe ryo ku kuri uyu wa kane riraza gukurikiranwa urudome ku rundi.

Ariko arahanzwe n'ibindi bibazo, harimwo ibitero vy'abatsimbaraye ku matwara ya Islam ku nkehwa z'abakristu bo muri Bangladesh hamwe no ku yindi migwi y'inkehwa.

Hari mbere igitigiri gito c'abakristu mu gihugu ca Bangladesh gusumba abari i Myanmar.

Bafise ibice 0.2% vy'abanyagihugu bose, abantu 350.000 ugereranije n'abashika 600.000 bari i Myanmar.

Aba Rohingya babarirwa mu bihumbi, biganjemo abagore n'abana, bamaze guhungira muri Bangladesh guhera ku wa gatanu
Insiguro y'isanamu, Aba Rohingya babarirwa mu bihumbi, biganjemo abagore n'abana, bamaze guhungira muri Bangladesh guhera ku wa gatanu

Ariko bama batewe n'aba Islam b'intagondwa.

Imbere y'imisi mike ngo Papa ashike muri ico gihugu, umupadiri yaranyururijwe mu kigwati umukatolika umwe yiciwemwo mu mwaka uheze.

Ku rutonde rw'ibikorwa vya Papa vyo ku musi wa kane, araza kujanwa ku cibutso c'intambara yo kwikukira kwa Bngladesh mu 1971, abonane n'umukuru w'igihugu hanyuma ashikirize ijambo ku kirimba c'umukuru w'igihugu i Hasina.