Abdelkader Bensalah, niwe yatowe n'inama nshingamateka nka Prezida mushasha mfatakibanza wa Algeria

Abdelkader Bensalah
Insiguro y'isanamu, Abdelkader Bensalah yagenywe kuba Prezida, ariko abari mu myiyerekano nyibamushaka
Yatangajwe

Inama nshingamateka ya Algeria yagenye umukuru w'inama nkenguzamateka, Abdelkader Bensalah, ngo abe ari we asubirira uwari umukuru w'igihugu Abdelaziz Bouteflika, yabwirijwe gutanga imihoho mu ndwi iheze.

Bwana Bensalah azoba umukuru w'igihugu mfatakibanza mu kiringo kizotunganywamwo amatora mashasha y'umukuru w'igihugu.

Ariko ntakunzwe n'abamaze igihe mi myiyerekano ikomeye, yatumye Bwana Bouteflika akinjura nyuma y'imyaka mirongo ibiri ku butegetsi.

Babona Bwana Bensalah nk'umuntu yari yegeranye cane n'uwo mukuru w'igihugu yahambirijwe.

Haciye iminota mikeyi bitangajwe ko Bwana Bensalah yagenywe muri ico kibanza, abagira imyiyerekano baciye basubira gushwara amabarabara y'umurwa mukuru Algiers.

Basaba ko urwego rwose rwari rugize ubutegetsi bwa Bwana Bouteflika rukinjura, Algeria ikaramutswa abarongozi bashasha.

Bitandukanye n'ahandi hamaze kuba ibisa nk'ibi muri Afrika, muri Algeria iyo myiyerekano iba mu mutekano ntangere.