Abahitanwa n'ikiza ca Ebola muri Kongo bamaze gushika ku 1000

Ikiza ca Ebola muri Kongo kiraciganziye intara zibiri
Insiguro y'isanamu, Ikiza ca Ebola muri Kongo kiraciganziye intara zibiri
Yatangajwe

Ubushikiranganji bw'igihugu ca Republika y'Intwaro Rusango ya Kongo bumenyesha ko igitigiri c'abamaze guhitanwa n'ikiza ca Ebola muri ico gihugu kimaze kugera ku bantu 1000.

Icegera c'umukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu OMS rijejwe amagara y'abantu kw'isi, Dr Michael Ryan, avuga ko abaganga batizerwa n'abanyagihugu, vyiyongera ku migumuko mu karere k'ubuseruko bw'ico gihugu.

Avuga ko ivyo bituma utwigoro two kurwanya ico kiza ataco dushikako kuko kibandanya ciyongera muri ako karere.

Dr Ryan avuga ko kuva mu kwezi kwa mbere kw'uyu mwaka, ibigo bijejwe kuvura Ebola be n'abakozi bavyo bamaze guterwa incuro 119.

Mu kiganiro yagiranye n'abamenyeshamakuru i Genève mu Buswisi, yaragabishije ko ico kiza gishobora "kubandanya ciyongera".

Dr Ryan amenyesha ko abajejwe kuvura iyo ndwara bafise imiti myinshi y'urucanco, kandi ko abantu barenga ibihumbi ijana bamaze kuvurwa.

Amenyesha ariko ko ubugizi bwa nabi bubandanya muri ako karere k'igihugu karimwo imirwi yitwaje ibirwanisho, be n'uko abanyagihugu binuba abaganga, bituma uwo mugambi wo kurwanya ico kiza ugenda nabi.

Avuga ati: "Turacafise ingorane zikomeye z'uko abanyagihugu batatwizeye".

Ico gihugu kandi kirahanzwe n'ikiza c'agasama kimaze guhitana abantu barenga 1000, mu gihe abashika ibihumbi 50 bamaze kuyandura.

Abakozi b'ishirahamwe OMS bemeza ko intara 14 kuri 26 zigize ico gihugu zimaze guterwa n'ico kiza, haba mu bisagara canke mu mitumba.

Ebola iraciganziye intara zibiri muri Kongo, ariko biragoye guhagarika ikwiragira ry'umugera w'iyo ndwara kubera ubugizi bwa nabi.

Akarere k'ubuseruko bwa Kongo karangwamwo akajagari. Hari abantu bamwe batemera ko iyo ndwara ya Ebola ibaho, bakagiriza abanyamahanga ko aribo bayizanye mu gihugu.

OMS ivuga ko umurindi w'ugukwiragira kw'iyo ndwara ukiri hasi, ariko ko hari ubwoba ko iyo ndwara ishobora gutandukira ibihugu bibanyi.