Uprona: Gaston Sindimwo avuga ko abaraye bavuze ko bamwihakanye batari Abaporona

Igecera ca mbere c'umukuru w'igihugu mu Burundi akaba ari nawe azoserukira umugambwe Uprona mu matora y'umukuru w'igihugu yimirije avuga ko abatangaje ko bamwikuyeko ari abakoreshejwe n'intwaro kugira ngo basamaze Abarundi.
Gaston Sindimwo avuga ko atangazwa no "kubona abantu batazwi basaba inama ikaba, ata ruhusha bafise, mbere bakarungikira n'abanyamakuru b'iradio y'igihugu, ku muntu agiye kwifatira mu gahanga icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu".
Ejo ku wa gatandatu, hari umurwi w'abanywanyi b'umugambwe UPRONA urongowe n'uwitwa Isidore Mbayahaga uvuga ko uvavanuye na Gaston Sindimwo, ukamenyesha ko uhisemwo kuzoshigikira umukandida w'umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi.
Bwana Sindimwo yabwiye BBC ko ivyaraye bibaye ari ibikorwa bisanzwe, bitabaca inkokora, kuri we mbere akabona ko ahubwo babakoreye igikorwa co kwiyamamaza bari biteguriye.
Ati: "Ahubwo twagize n'Imana kuko igikorwa bakoze badufashije. Murazi ko benshi mwahora mutwita ko tugendera mu kwaha kwa CNDD-FDD, uno munsi ukuri kugiye ahabona".
Kubwa Gaston Sindimwo, "abagiye ni abahora mw'ibarabara, ntibari bafise aho bahagaze, ubu rero bararonse aho bahagarara".
Umugambwe URPONA niwo washikanye u Burundi ku ntahe y'ukwikukira mu mwaka wa 1962, ukaba ari wo wonyene wamaze imyaka hafi 30 ariwo wonyene wiganje mu gihugu.
Mu gihe uzwi ko kuva mu 1993 wamye urangwamwo amababa inyuma y'ugutsindwa mu matora yabaye muri uyo mwaka, Bwana Sindimwo arahakana ko uyo murwi wamwivumbuyeko atari irindi baba ryoba rivutse.
Avuga ko bamwe mu bagize ako karwi bari baramaze kwidohora, kandi ko bamwe bamaze imyaka ibiri abandi itanu baravuye mu mugambwe.
Kubw'iwe, ivyo bakoze nivyo vyerekana ko umugambwe ugendera kuri demokarasi.
Ati: "Twebwe n'abo turi kumwe uno munsi, n'uwoshaka gushigikira umukandida wundi, twebwe ni amarembe, kuko dushaka ko umuntu wese yidegemvya, atore ico umutima wiwe umubwira".
'Inzego z'igihugu ni zitunganirize bose'
Mu gihe hasigaye iminsi mike ngo amatora ategekanijwe ku wa 20/05, maze irya n'ino mu gihugu hakaba hari abavuga ko bahohoterwa kubera ivyiyumviro vyabo vya politike, Gaston Sindimwo asaba inzego z'igihugu gutunganiriza bose ata nkunzi.
Ati: "Nico gituma tutipfuza kubona umuntu akubagurwa, tugasaba inzego z'igihugu ko zikingira Abarundi bose, zikingire kandi zikorere imigambwe yose, maze ije ku rubuga ihiganishwe ivyiyumviro haguhiganishwa ingimba".
"Birababaje cane kubona nk'umutegetsi kanaka akingira ikibaba abadakurikije amategeko, hanyuma ugasanga abakurikije amategeko, bemewe n'amategeko, bagasaba uruhusha akarubima, ariko abandi akabakingira".
Icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu asaba umurwi ujejwe gutegura amatora ko wokora ugakorera bose ataho wegamiye.
N'aho avuga ko gushika ubu uyo murwi ugerageza, aragiriza bamwe mu nzego z'igihugu bari mu mugambwe uri ku butegetsi ko bivanga mw'itunganywa ry'ibikorwa vy'abawuserukira mu gihugu.
Uyo murwi w'abavuga ko ari abanywanyi ba UPRONA bashigikiye Evariste Ndayishimiye azoserukira umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD wiyongereye ku yindi migambwe n'inani zimaze kumenyesha ko zizoshigikira uyo mu candida wa CNDD-FDD.
Muri yo harimwo urunani COPA rugizwe n'imigambwe umunani (RADEBU, PIEBU, Kaze-FDD, PMP, FROLINA, PL, PRP na MSP), umugambwe FNL wa Jacques Bigirimana, n'iyindi, myinshi muri yo ikaba ifatwa ko ari pfa mpfe na CNDD-FDD uri ku butegetsi.










