Burundi: Ivyo twomenya mu matora y'abajenama b'imitumba/amakaritiye

Ahavuye isanamu, AFP
Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 01/08/2020, niho mu Burundi hatangura icese imyiyamamazo y'abashaka kwitoza kuba mu bahanuzi b'imitumba canke ama karitiye.
Ibi biri mw'ibwirizwa ryasohowe n'umukuru w'igihugu ku wa 30/08, rihamagarira abashaka kwiyamamariza ivyo bibanza bemejwe n'umurwi CENI gutangura kwiyamamaza kuva kuri iri genekerezo.
Abitoza muri izi nzego baba ari Abarundi bakwije imyaka n'imiburiburi 25 y'amavuka.
Aya niyo matora agiye kurangiza ikiringo c'amatora yo muri uno mwaka wa 2020 muri iki gihugu yatangujwe n'amatora atatu yabereye umunsi umwe, ku wa 20/05/2020, aho abarundi batoye umukuru w'igihugu, abashingamateka n'abahanuzi b'amakomine.
Nk'uko ingingo ya 272 y'ibwirizwashingiro ry'u Burundi ibivuga, "Imitumba irongorwa n'Inama y'umutumba igizwe n'abajenama batanu bitorewe n'abenegihugu ubwabo baba kuri iyo mitumba".
"Umujenama yarushije abandi amajwi ni we aca aba umukuru w'umutumba".
Iyi ngingo irerekana ko kuri buri mutumba hatorwa abantu batanu. Hagati aho, mu gihe mu matora y'imbere y'aya abitoza bakuzikiza intonde z'imigambwe canke inani z'imigambwe, muri aya matora yoyo "abitoza bose bategerezwa kubigira ku giti cabo", nk'uko iyo ngingo nyene ibisigura.
Ibi kandi niko bitegerezwa kugenda no mu bisagara, aho amakaritiye agize ibisagara afatwa nk'imitumba mu gihugu hagati.
Mu kwiyamamaza, mu gihe mu matora yandi aheruka bene kwiyamamaza mu migambwe, mu nani z'imigambwe canke ku giti cabo ari bo bitunganya bakamenyesha ubutegetsi ingene bagiye gukora ibikorwa vyabo, abajejwe amatora ku rwego rwa komine nibo batunganya amakoraniro y'imyiyamamazo.
Ingingo ya 174 y'itegeko rigenga amatora ivuga iti: "Kuva imyiyamamazo itanguye, umurwi ujejwe amatora ku rwego rwa komine irategura amahuriro maze abiyamamaza bakaja imbere y'abanyagihugu bagasigura imigambi yabo".
Amakoraniro yandi ajanye n'amatora akozwe mu bundi buryo ntiyemewe nk'uko iri tegeko ribandanya ribisigura.
Mu gutora, uwutora ahabwa urupapuro rw'itora rwategekanijwe n'umurwi ujejwe amatora ku rwego rw'igihugu, akinjira mu kazu k'itora, hanyuma akandika amazina atatu yagomwe mu bitoza, nk'uko ingingo ya 175 y'itegeko rigenga amatora ribitegekanya.
Uwutazi kwandika afise uburenganzira bwo gusaba uwumufasha, ariko nawe asanzwe afise uburenganzira bwo gutora.
Urupapuro ruriko amazina arenze atatu ruba rubaye impfagusa.
Batanu ba mbere nibo baheza bagatangazwa ko bizigiwe n'abanyagihugu, Iyo bishitse hakaba abanganya, ingingo ya 177 ivuga ko mu gihe bompi basangiye igitsina, uwufise imyaka myinshi niwe aca aronka amahirwe. Atari uko naho, haca hahabwa amahirwe uwo igitsina kidaserukiwe bikwiye.
Iyi myiyamamazo izobandanya gushika ku wa 21 z'uku kw'umunani, amatora akaba ategekanijwe ku wa 24 z'uku kwezi nyene.
Ibiharuro mfatakibanza vy'ibizoba vyayavuyemwo bitegekanijwe gutangazwa ku wa 27 uku kw'umunani, nayo ibiharuro ntabanduka bitangazwe ku wa 15 z'ukw'icenda uno mwaka.










