Imyirekeno yahangaye ubutegetsi muri Nigeria

Mu bumanuko bwa Nigeria abantu bagiye mu myiyerekano baca kubiri n'itegeko rya Bulamatari wa leta ya Rivers, berekeza ku cicaro gikuru kiri Port Harcourt.
Bulamatari Nyesom Wike, ku munsi wa mbere yamenyesheje ko iyo myiyerekano yo kwiyamiriza urwego rudasanzwe rw'igipolisi, Special Anti-Robery Squad -SARS, itemewe n'amategeko.
Umuvugizi wa Bulamatari wa Rivers, Paulinus Nsirim, mw'itangazo yatanze ku rubuga rwa twitter, amenyesha ko ibigo bijejwe kwubahiriza amategeko navyo bisabwa kwubahiriza itegeko ribuza imyiyerekano, kandi abarirenga bagafatwa.
Ariko n'aho hari abapolisi benshi mu mabarabara, nticabujije abaja mu myiyerekano guhura ari benshi muri Pleasure Park, ikibanza bemeranije gukoraniramwo, hanze y'umuji aho batanguriye urugendo bafata ibarabara rikuru.
Umwe mu bari mu myiyerekano, Gospel Orji, yabwiye BBC ko bariko berekeza ku biro vya Bulamatari kuvugana nawe ku majambo yashikirije.
Yavuze ko bitakiri ivyo imyiyerekano, ahubwo wahindutse umuhari wo kwereka ubutegetsi ko ububasha buri mu minwe y'abanyagihugu.
Imyiyerekano irakomeza no mu yandi ma leta, n'ubwo perezida Muhammadu Buhari yari yavuze ku munsi wa mbere ko gukuraho urwo rwego rudasanzwe rw'igipolisi SARS, ari intambwe ya mbere mu nzira y'amahinduka yimirije mu gipolisi.
Ejo nyene, umunyagihugu n'umupolisi bariciwe mu murwa mukuru w'ubutunzi Lagos, bituma haba amakenga ku bushake bw'ubutegetsi mu kurangiza ico gikenye igipolisi cagirizwa.
Ibisagara birimwo imyiyerekano ni:
- Port Harcourt
- Aba
- Enugu
- Ibadan
- Lagos
- Jos
- Abuja
Abari mu myiyerekano bifuza ko ubutegetsi bufata kandi bugafatira ibihano abapolisi baregwa uruhara mu bwicanyi no guhohotera abanyagihugu kuva iyo myiyerekano itanguye mu ndwi iheze.
Ibi ngo bishobora gutuma biboneka nimba hari ubushake bushitse bwo guhindura igipolisi.










