Africa mu mafoto muri iyi ndwi: 20-26 Ukwezi kw'umunani 2021

Yatangajwe

Amwe amwe mu mafoto meza cane muri Afrika n'ahandi.

Uwimika abami ahaye ingabire Umuganwa Tsola Emiko mu birori vyo kumwimika
Insiguro y'isanamu, Ku wa gatantatu Umuganwa Tsola Emiko yimitswe (yambitswe urugori) nk'umwami mushasha , canke olu, wa Warri muri Nigeria.
Umwana w'umukobwa yifotoje afashe ibendera ry'igihugu ku munsi wahariwe ibendera ry'igihugu i Monronvia, muri Liberia, 24/08/2021
Insiguro y'isanamu, Muri LIberia, abantu bari hanze guhimbaza umunsi wahariwe ibendera ry'igihugu ku wa kabiri mu kwibuka intahe yo kwikukira kuri Amerika.
Abantu bakoranye kandi bazungagiza amabendera mu kibanza c'abamaratiri, ku murwa mukuru wa Libya, Tripoli
Insiguro y'isanamu, Muri Libya ho, abandi bakoraniye i Tripoli ku wa gatanu bibuka imyaka 10 iheze ico gisagara kivanywe mu minwe y'uwahora atwara ico gihugu Muammar Gaddafi.
Abantu bakoraiye mw'isengero ya Entoto Kidane Mehret i Adis Ababa, Ethiopia
Insiguro y'isanamu, Abakristu b'aba Orthodoxe bo muri Ethiopia nabo barahimbaza ku wa mungu umunsi mukuru wa Filseta , inyuma y'iminsi 15 yo kwisonzesha.
Umugore w'umunya-Kenya ariko arasoroma amababi c'icayi i Muranga, Kenya
Insiguro y'isanamu, Umugore ariko arasoroma icayi muri Kenya - igihugu kiza ubugira gatatu kw'isi mu gushora icayi cinshi , inyuma y'Ubushinwa n'Ubuhindi.
Ibarabara ryarengewe n'amazi y'imvura muri Dakar, Senegal
Insiguro y'isanamu, Imvura yateye imyuzure myinshi muri Senegal, ituma abantu benshi bahunga ingo zabo ku mugwa mukuru, Dakar.
Abakozi ba reta mu mwambaro wo kubakingira bavuye mu bushikiranganji bujejwe ubworozi bariko baregeranya inkoko ngo zije kwicwa inyuma y'uko hatowe idwara y'akamanungu k'inkoko katangajwe mu gisagara ca Bassam, Côte d'Ivoire, ku wa 20/08/2021
Insiguro y'isanamu, Ibihumbi n'ibihumbi vy'inkoko vyishwe muri Côte d'Ivoire, igihugu cugarijwe n'akamangu canke ibicurane vy'inkoko (grippe aviaire/avian flu).
Abakozi bo kwa muganga barindiriye kwandika abiteza urucanco hanze y'itereni ya Transvaco
Insiguro y'isanamu, Hagati aho muri Afrika y'Epfo, ivuriro rikorera mu nzira z'amagariyamoshi (itereni) rirakoreshwa kugira rishikane incanco za Covid mu bice birangwamwo abakozi bo kwa muganga bake no gushikira ubuvuzi bigoranye.
Uwushigikiye uwuherutse gutorwa ngo abe umukuru mushasha w'igihugu ca Zambia Hakainde Hichilema , azwi nka Bally canke data, ariko araraba ibirori vyo kurahira i Lusaka.
Insiguro y'isanamu, Uwushigikiye uwuherutse gutorwa ngo abe umukuru mushasha w'igihugu ca Zambia Hakainde Hichilema , azwi nka Bally canke data, ariko araraba ibirori vyo kurahira i Lusaka ku wa kabiri.
Abakinyi ba Angola barindiriye aho bicaye inyuma ko hatangura ibirori vyo gutanguza inkino za Olympic z'abagendana ubumuga za Tokyo
Insiguro y'isanamu, Abakinyi ba Angola bararindiriye bicaye inyuma ko hatangura ibirori vyo gutaguza inkino za Olympic z'abagendana ubumuga ku wa kabiri.
Ibrahim Elhusseiny
Insiguro y'isanamu, Mu bahiganwa mu nkino za Paralympic harimwo Ibrahim Elhusseiny, umunya-Misiri yaciye umuhigo muri tennis .

Amafoto yose afitiwe uruhusha rwo kuyakoresha.