Dr Denis Mukwege asaba ishingwa rya sentare mpanavyaha kuri Congo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Muganga Denis Mukwege wo muri Republika ya Demokrasi ya Kongo yasavye ko hashingwa sentare mpuzamakungu mpanavyaha yokurikirana ivyaha bihohotera ikiremwa muntu bikorerwa mu buseruko.
Uwo muganga w'umuhinga mu bijanye no kuvura ibihimba vy'irondoka vy'abagore (gynaecologist), yigeze gutsindira agashimwe Nobel k'amahoro, avuga ko ivyo vyaha bimaze imyaka 25 bikorwa.
Muganga Mukwege avuga ko ubwicanyi bwakozwe n'imigwi yitwaje ibirwanisho irenga mirongo ibiri mu buseruko bw'igihugu budashobora kwihanganirwa, mu gihe abantu babayeho mu bwoba n'amahano atagira izina.
Yavuze yuko abajejwe itohoza bari bakwiye gutaburura ibinogo vyatawemwo abantu ikivunga bakabika ibimenyetso vy'ivyo yise ko bishobora kuba ari ivyaha vyo mu ntambara.
Dr Mukwege aramaze kuvura amajana y'abagore basambanijwe ku nguvu bakanacibwa ibihimba vy'irondoka, bikozwe n'inyeshamba.
Amashirahamwe y'abagiraneza avuga yuko abantu barenga imiriyoni zitanu ari bo bamaze gusiga agatwe mu ndyane zo mu buseruko bwa Congo.
1.200 baramaze kwicwa Ituri na Kivu ya ruguru muri uno mwaka gusa
Ishami rya ONU rijewe impunzi, HCR, kuri uno wa gatanu ryavuze yuko abanyagihugu 1.200 bamaze kwicwa mu ntara za Ituri na Kivu ya ruguru mu buseruko bwa Congo muri uno mwaka gusa, mu gihe abashika ku ma miriyoni bakeneye imfashanyo.
Abajejwe intwaro muri ico gihugu bashizeko amategeko adasanzwe mu kwezi kwa gatanu ashira ubutegetsi mu minwe y'igisirikare, mu ntumbero yo kugerageza guhagarika amahano aterwa n'imigwi yitwaje ibirwanisho.
Uwuvugwa cane mu bwicanyi bwinshi ni umugwi Allied Democratic Forces (ADF), ufitanye isano n'umugwi w'iterabwoba wiyita Etat Islamique.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Aho yavugira i Geneve, umukuru wa HCR, Boris Cheshirkov, yavuze ko HCR n'abo bakorana baharuye impfu z'abanyagihugu zirenga 1.200 hamwe n'abashika 1.100 basambanijwe ku nguvu muri uno mwaka.
Bwana Cheshirkov yavuze ko ibitero vyegekwa ku muhari ADF vyongereje ububisha kuva mu mpera z'umwaka w'2020, kandi ukwungikanya mu kwica abanyagihugu ntikwagabanutse naho leta yashizeko amategeko adasanzwe.
Mu mpera z'indwi iheze, inyeshamba zararashe ziranatemagura abantu bashika 30 mu ntara ya Ituri, nk'uko vyatanjwe n'abakora muri ONU kuwa mbere.











