Joe Biden-Pologne: Umukuru wa Amerika arabonana n'impunzi za Ukraine

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru wa Amerika Joe Biden yitezwe kubonana n'impunzi z'abanya-Ukraine kuri uyu wa gatanu mu gisagara kiri hafi y'urubibe Pologne ihana na Ukraine.
Prezida Biden ari ku ntambwe ya nyuma y'urugendo yarimwo ku mugabane wa Buraya.
Indege itwara umukuru wa Amerika -Air Force One - ija kugwa mu gisagara ca Pologne ca Rzeszow, ku birometero bike uvuye ku rubibe rwa Ukraine.
Abanya-Ukraine bashika miriyoni 2 bamaze guhungira muri Pologne - umurwa mukuru Vasovie umaze kwakira abashika 300.000.
Bisden aja kubonana n'umukuru wa Pologne Andrzej Duda kugira ashimire ico gihugu ku twigoro two gufasha abari mu kaga.
Urwo rugendo rw'umukuru wa Amerika rubaye mu gihe Buraya na Amerika bikomeje kubazwa vyihuta ikindi kirenga ico bimaze gukora mu gufasha abanya-Ukraine kwirinda amahano bariko barakorerwa n'Ubususiya.
Ukraine yasubije inyuma ingabo z'Uburusiya
Hagati aho ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Ubwongereza (MoD) bwasohoye umwihwezo w'iperereza wa vuba w'ingene bubona intambara, buvuga ko Ukraine yashoboye kugaruza ibisagara n'ibirindiro vyo kwivuna mu buseruko bw'umurwa mukuru, Kyiv.
MoD ivuga kandi ko Ukraine yashoboye gusubiza inyuma ingabo z'Uburusiya izivana aho zari zarafashe mu buraruko bushira uburengero bwa Kyiv.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibisasu v'Abarusiya birananirwa ku rugero ruri hejuru -amakuru
Umwihwezo w'Ubwongereza wongerako ko uburyo bw'Uburusiya bwo guhererekanya ivyankenerwa busanzaye cane.
Mu yandi makuru, misire z'Uburusiya biranka ko zikora ku rugero rushobora gushika ku 60%, nk'uko bivugwa n'abategetsi batandukanye bo muri Amerika ariko batavugwa abari bo mu makuru atangwa na Reuters.
Uko kudakora bishobora guterwa n'imvo zitandukanye harimwo kunanirwa kuzitera neza canke kwanka guturika iyo zigemye ico zatumberejweko.
Urwo rugero ata handi rurahinyuzwa, rushobora gusigura ukutoroherwa kw'Uburusiya mu kugumya umurindi wo gutera intambwe imbere muri ico gitero kimaze ukwezi.
Ku bwa Amerika, Uburusiya bumaze gutera misire 1.100 kuva intambara itanguye. Ntibavuga zingahe muri izo zagemye ico zari zigamije canke niba koko zaraturitse.
Uburusiya ntibwishuye ubwo Reuters yabusaba kugira ico buvuze.
.










