Se wa Gen Nyamwasa yabujijwe kuja muri Uganda

Yatangajwe
Senumuha Silveriano, yahagarikiwe ku rubibibe rw'Urwanda na Uganda, yakwa n'igitabo ciwe c'inzira
Uwo mutama avyara Gen Kayumba Nyamwasa, aherutse gucibwa urubanza rwo gupfungwa imyaka 24, mbere hakaba haranarungitswe n'impapuro zo kumuhagarika, yafatiwe ku rubibe rwa Kagitumba.
Abajije impamvu bamwatse igitabo c'inzira, bamwishuye ko ari kubera ari se wa Gen Kayumba Nyamwasa, uwo nawe ngo akaba ari igicibwa mu Rwanda.
Sebagabo Silveriano avuga ko yari agiye muri Uganda gushingira umwuzukuru wa mushikiwe.
Turacagerageza kurondera umuvugizi w'igipolisi c'Urwanda ngo atubwire icatumye uwo mutama abuzwa kujabuka urubibe.






