Mubarack yarwaye ariko aguma apfunzwe

Hosni Mubarack
Insiguro y'isanamu, uwahoze atwara Egypt, Hosni Mubarack
Yatangajwe

Itegeko ryo kugumiza bwana Mubarack mu mvuto ryatanzwe kuber' ibirergo akurikiranwako vyo kurya ruswa no gukoresha nabi ububashayahabwa n' amabanga yiwe mu gihe yayobora Msri mu kiringo c' imyaka 30

Ejo yajanye mu bitaro amaze gufatwa n' umutima igihe yariko ahatw'ibibazo kur'ivyo birego.

Abahungu biwe babiri bapfungiwe mw'ibohero riri hanze y'umuji wa Cairo.

Ibinyamakuru vya leta bivuga ko bahawe imyambaro y' imbohe igihe bashika kw'ibohero, aho bazomerewe n'izindi mbohe.

Bwana Mubarack yakuwe ku butegetsi n'abanyagihugu bamwiyamirije bakoresheje imyiyerekano, haraheze amez'abiri