Igisasu c'umwiyahuzi cahitanye 10 Mogadishiu

Ahavuye isanamu, AFP
Abategetsi ba Somalia bavuga ko igisasu catezwe hafi ya Hotel Muna, ihoteri yahora igenderwa cane n'abanyepolitike.
Umukuru w'igipolisi avuga kw'ico gisasu catezwe n'umwiyahuzi.
iyo modokari yari yahagaritswe ahegereye Hotel Muna, ikunda kugenderwa n'abanyepolitike ndetse yigeze guterwa mu kwezi kw'umunani 2010.
Umurwi w'intagondwa z'aba islam Al shabab niwo watangaje kowagavye ico gitero ku muhigamo wo kur'uyu wa gatatu.
Ico gitero gikurikiye ibnindi nk'ivyo vyagiye biba vyitiriwe Al shabab mu murwa mukuru Mogadishu, inyuma y'aho uwo murwi wirukaniwe mur'ico gisagara n'ingabo za leta ziri kumwe na AMISOM.
Umunyamakuru wa BBC avuga ko abantu 7 baciye barwa ngaho ubwo nyene, abandi 3 bacikana bamaze kugera mu bitaro.
Ico gitero cabaye mu gihe hari haramutse urugendo rw'intumwa y'ishirahamwe rya Bulaya mw'ihembe rya Afrika, Alexander Rondos.
Mu ndwi iheze, umushikiranganji w'imigenderanire W'ubwongereza William Hague yari Mogadishiu, inyuma y'imyaka 20 ata mutegetsi akomeye w' Ubwongereza agendeye Somalia.
Leta y'Ubwonegreza yiteguriye kwakira inama ikomeye kuri Somalia kuwa 23 uku kwezi kwa kabiri, inama izoba yerekeye kwihweza uburyo bobonera umuti wa politique ikibazo ca Somalia, ndetse no kurwanya ubusuma bwo mu mazi, n'intagondwa.










