Leta ya Syria ibandanije kwuha ibisasu Homs

Imyotsi itewe n'ibisasu mu muji wa Homs muri Syria
Insiguro y'isanamu, Imyotsi itewe n'ibisasu mu muji wa Homs muri Syria
Yatangajwe

Leta ya Syria yongereje ingoga mu gutera ibisasu mu muji wa Homs, usanzwe ariwo uberamwo ibikorwa vyinshi vyo kwiyamiriza prezida Bashar Al-Assad.

Amakuru ataratohozwa neza avuga ko ibitaro vy'agateganyo biri mu gace ka Baba Amr muri uwo muji, vyarashwe.

Abategura ibikorwa vyo kwiyamiriza leta bavuga yuko ako karere katumberejwe cane n'ibikoho biremereye.

Umunyamakuru wa BBC yashoboye kwinjira Homs avuga ko ibitero vyongerejwe bimwe biboneka.

Abitwajwe ibirwanisho bo mu mugwi Free Syrian Army bagerageje gusubiza ariko bagakoresha inkoho ntonto.

Muri uwo muji abantu benshi bakoremetse bariko bavurirwa ahantu habonetse hose, kandi abapfuye bapfubwa mw'ijoro gusa kuko batinya kuraswa n'abasirikare binyegeje.