
Kuri stade ya Abidjan ahabereye umunigano
Amakuru aturuka muri Cote d'Ivoire amenyesha ko mu masaha ya kare mu gatondo abantu bavuye muri stade nkuru ya Abidjan bakandagirana igihe bari barangije gukwirikira ibirori vyo guhimbaza umwaka mushasha.
Abenshi mu bahasize ubuzima n'abana bari hagati y'imyaka umunani na cumi n'itanu.
Kugez'ubu icateye uwo munigano ntikiramenyekana, ariko hari amakuru avuga ko mu gihe abo bantu baharurwa mu bihumbi bava muri stade, bahuye n'ikindi kirwi caja iyo baje bava.