
Woolwich
Umushikiranganji wa mbere David Cameron avuga ko ubwicanyi bwabaye Woolwich bugaragara nk' iterabwoba, akaba yitezwe kugira ico ashikirije amaze gushaka Londres mur'uyu mugoroba.
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati Theresa May, ariko ayobora inama y'umutekano yihuta mu kibanza c'umushikiranganji wa mbere, yateye ivyatsi ubwo bwicanyi avuga ko bugaragaza ubunyamanswa.
Kizigenza mu batavuga rumwe na leta Ed Miliband nawe avuga ko igihugu cose cari gikwiye guhinda agashitsi kuber'ivyabaye.
Umunyamakuru wa BBC akurikirana ivya politike avuga ko igitero nk'ico aho abantu bakoresha ibisu ku murango izuba riva, ni vyaramuka vyemejwe ko ariko vyagenze, kizoba kibaye akatari bwaboneke.
Ababonye ico gitero bavuga ko abantu babiri bishe umuntu mw'ibarabara bakoresheje ibisa n'umupanga canke inkota, bakamuta mw'ibarabara, bashaka no gufata amasanamu ayo mahano.
Abapolisi baciye baza ubwo nyene, bararasa, bene gukekwako ubwo bwicanyi barakomereka, ubu bakaba bariko bavurirwa mu bitaro.
Ivyo vyabereye mu bumanuko bwa Londres mu gace ka Woolwich, hafi y'ikambi ya gisirikare