
Ibisigarira vy'ivyuma nyuma y'igisasu caturikiye i Agadez
Umuvugizi w'umugwi wa ki Islam washinzwe n'umunye Algeria Mokhtar Belmokhtar, yavuze ko uwo mugwi ariwo wagavye ibitero bibiri muri Niger.
Ejo kuwa Kane muri Nigeri hagabwe ibitero bibiri, kimwe ku kigo c'igisirikare i Agadez, ikindi ku kirombwe c'ubutare bwa Uranium gikoramwo ishirahamwe ry'Abafaransa.
Uwo muvugizi yabariye ibiro bitara amakuru vyo muri Mauritanie ko bakoranye n'uwundi mugwi wa ki Islam witwa MUJAO, mu kugaba ivyo bitero vyahitanye abantu bashika ku mirongo ibiri, bagizwe ahanini n'abasirikare b'abanye Niger.
Nta cemeza ko ivyo bavuga arivyo, kandi abihweza utuntu n'utundi b'abanye Buraya bavuga ko bitagaragara neza nimba Mokhtar Belmokhtar yoba akiri muzima.
Mu kwezi kwa Gatatu igisirikare ca Chad cavuze ko camwiciye mu buraruko bwa Mali.
Hagati aho umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe kwivuna abansi, Jean Yves Le Drian, yavuze ko abasirikare kabuharuwe b'Ubufaransa bafashije mu gitero co kubohoza abari bagizwe imbohe mu gitero c'i Agadez ku nkambi y'igisirikare.
Bivugwa ko abarwanyi babiri boba baguye muri ico gitero c'uno munsi co kubohoza abafashwe, ariko hari amakuru atavuga rumwe yibaza nimba hoba koko hari abari bagizwe imbohe, canke nimba hari abarwanyi bahaguye.