
Wayne Rooney n'igikombe ca Premier League
Umuyobozi nshingwabikorwa arangije ikirongo w'umugwi w'umupira w'amaguru wo mu Bwongereza, Manchester United, David Gill, avuga ko ata nkeka ko Rooney azoguma muri uwo mugwi.
Wayne Rooney w'imyaka 27, yasavye kuva Old Trafford mu ntango z'uno mwaka nyuma y'aho bitamugendeye neza muri uno mwaka w'inkino uheze.
Gill yemera ko hariko harakorwa ibishoboka vyose kugira bavugane n'uwo mukinyi hamwe n'abamuserukiye.
Bwana Gill ivyo yabivugiye mu nama y'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Buraya yabera i Londres, nyuma yo gutorwa ngo aje mu mugwi nshingwabikorwa w'iryo shirahamwe.