
Umwamikazi Elisabeth II kuri BBC
Umwamikazi yaravye ibirori vy'umuziki yavugirijwe, agendera ivyumba bitegurirwamwo amakuru , aja no muri studio za radio.
Yavuze ko yizeye ko iyo nyubakwa nshasha, izofasha BBC gukora neza muri kazoza, atangaza ko yuguruwe icese.
Umwamikazi yagiye mur'iyo mirimo mu gihe umutambukanyi wiwe, umuganwa Philip, ari mu bitaro mu muji wa Londres.
Umuganwa Philip, agiye kuzuza imyaka 92 ku munsi wa mbere, vyitezwe ko azoguma mu bitaro kugeza mu ndwi zibiri ziri imbere.