
Imirwano irakomeye i Kismayo
Abantu bashika cumi baramaze gupfa ku munsi ugira kabiri w'imirwano mu muji wa Kismayo uri mu bumanuko bwa Somalia.
Uwo muji usanzwe ufatiye runini Somalia mu butunzi.
Abahatuye babariye BBC ko imirwano ikomeye cane, kandi abantu benshi bariko barahunga.
Abasirikare b'umuryango w'ubumwe bwa Afrika bariko baragerageza kwumvikanisha imigwi ibiri y'abarwanyi iriko iratana mu mitwe.
Iyo migwi itegekwa n'abantu babiri bose bigize abakuru b'ibihugu muri ako karere kazwi kw'izina rya Jubaland.
Umukuru w'igihugu wa Somalia, Hassan Sheikh Mohamud, yavuze ko imirwano iri i Kismayo ibangamiye intambwe umutekano wari ugezeko mu mezi aheze.