
Itana mu mitwe ku bitaro i Quetta
Abantu bitwaje ibirwanisho bateye ibitaro vyo mu muji wa Quetta uri mu burengero bwa Pakistani, nyuma y'aho igisasu giturikirije ibisi kigahitana abanyeshure b'abakobwa 14.
Abajejwe intwaro bavuga ko abantu bitwaje inkoho bane bishwe igihe bari bigaruriye igice c'ibitaro cariko kivurirwamwo abakomeretse.
Abaforomakazi, abacungera umutekano ku bitaro hamwe n'abajejwe ibitaro, bari mu bantu cumi basize ubuzima mw'itana mu mitwe.
Umugwi w'intagondwa z'aba Islam b'aba Sunni, Laskar-e-Jhangvi, wabariye BBC ko ariwo wagavye ivyo bitero bibiri.
Umugabo yiyita umuvugizi w'uwo mugwi yavuze ko ivyo bitero vyari ivyo kwihorera igitero abajejwe umutekano bagavye kuri uwo mugwi, hagapfa abagore n'abana.