Ibitaro vya Aleppo muri Syria vyarengewe

Syria_Aleppo
Insiguro y'isanamu, Syria_Aleppo
Yatangajwe

Ishirahamwe ry'abaganga batagira imbibe Medecins sans Frontieres, avuga ko ivyo bitero vya za kajugujugu zamijagiye amagunguru y'ibisasu biturika, ngo vyatumye uburyo bw'imiti n'ibindi bafise muri Aleppo burengerwa.

Uwujejwe gutunganya ibikorwa vya MSF muri Syria, yavuze ko imodokari za rusehabaniha zakomeza guhamagarwa mu bibanza bitandukanye mu gishingo kimwe.

Abaganga nabo ngo kubera ubwinshi bw'abakeneye gufshwa, ngo biba ngombw ako bahitamwo uwo baherako gutabara.

Abantu barenga ijana bamaze kurwa mur'ivyo bitero kuva ku munsi w' Imana.