Igisirikare c'Ubuyapani kirerekanye n'Ubushinwa

Ingabo z' Abayapani
Insiguro y'isanamu, Ingabo z' Abayapani
Yatangajwe

Ubuyapani buteganya mur' uwo mugambi w'igihe c'imyaka itanu, kongereza igitigiri c'amafaranga azokoreshwa mu gisata co kwivuna abansi, ndetse n' ingabo.

Uwo mugambi urimwo gushinga umurwi w'ingabo z'abahinga kabuhariwe mu kurwanira mu mazi, no kugura indege n'ubwato bujejwe kurereka no kubura igihe hagiye kuba ibitero.

Aho ni mugihe Ubuyapani bwahinduye ikirindiro cabwo, cari mu buraruko, bukagishira mu mazinga yo mu bumanuko ahahereranye n'ubushinwa.

Leta y'Ubuyapani yagiriza Ubushinwa ko bushaka kwigarurira ku gahato ibirere n'amazi vyo ku nkengera zabwo, mu gihe icuka kibi gikomeza kuduga hagati yabwo n'Ubuyapani kubera amatati bifitanye ku mazinga yo mu kiyaba East China.