Ukraine: Viktor Yanukovych 'ndacari perezida'

Ahavuye isanamu, Getty
Uwahora ari umukuru wa Ukraine ,Viktor Yanukovych, yagiye ahabona ubwa mbere kuva ahunze umurwa mukuru Kiev mu mpera z'indwi iheze.
Mu kiganiro n'abanyamakuru mu gisagara ca Rostov-on-Don kiri mu bumanuko bw'Uburusiya, yavuze ko uburyo yakuwe ku butegbetsi binyuranye n'ibwirizwa nshingiro n'abo yise ''abakiri bato bagendera ku vyiyumviro vy'intwaro y'umukazo n'ukwanka ibihinduka'' baserukira agace gato cane k'aba nye Ukraine.
Yanukovych yavuze ko arashaka kandi yiteguriye kurwanira kazoza ka Ukraine arwana n'ico itarabwoba ry'abariko baragaregeza gutwara Ukkraine.
Inzira yonyene ishoboka yo kuva mu ngorane, nk'uko yabivuze, n'ugushira mu ngiro amasezerano yumvikanyeko n'abo batavuga rumwe ku ndwi iheze , bifashijwemwo na ba ministre b'imigenderanire b'i Bulaya.






