Kabila yabwiwe kubaha ibwirizwanshingiro

Ahavuye isanamu, AP
Yatangajwe
Bwana Kerry, ari mu rugendo muri Congo Kinshasa, yavuze ko Leta zunze Ubumwe za Amerika zitegera ko ibwirizwanshingiro rikeneye kubahirizwa.
Yavuze kandi ko igihugu ciwe citeguye guha Congo Kinshasa miliyoni mirongo itatu z'ama dollari, yo kugifasha gutsimbatara no kubaka demokarasi.
Amatora muri Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo ateganijwe mu mwaka wa 2016, n'ubwo ata taliki irashingwa.
Perezida Joseph Kabila yayoboye ico gihugu kuva mu 2001, aho yasubiriye se Laurent Desire Kabila, amaze kwicwa






