Odessa: Abarwanya Ukraine bateye igipolisi

Yatangajwe
Ababibonye bavuga ko abari mu myiyerekano binjiye ku nguvu bakamena n'amadirisha.
Umunyamakuru ari kur'ico kibanza avuga ko yabonye babiri mu bari baboshwe basohowe, habanje kuba impari nyinshi.
Ariko abari mu myiyerekano basaba ko abapfunzwe bose barekurwa.
Kare, umushikiranganji wa mbere wa Ukraine w'infatakibanza, Arseniy Yatsenyuk, yavuze ko abajejwe iperereza babwirizwa gukurikirana bakamenya abaroshe abandi mur'iyo mishamirano yo kuwa gatanu.
Yaneguye abajejwe kubahiriza amategeko ko batashoboye kubuza ubwo bwicanyi.






