Boko Haram yoba yatwaye abandi bana

Ahavuye isanamu, AP
Yatangajwe
Abantu bitwaje inkoho vyibazwa ko ari abo mu mugwi wa ki Islam, Boko Haram, banyuruje abandi bakobwa umunani mu buruko bushira ubuseruko bwa Nigeria
Abo bana b'abanyeshure bakuwe mu kigwati ca Warabe kuwa Mungu nw'ijoro n'abantu bitwaje ibirwanisho, bari batwaye imiduga imeze nk'iyigisirikare kandi bariko bararasa.
Ibi bikurikiye inyuruzwa ry'abana b'abakobwa b'abanyeshure barenga amajana abiri batwawe n'abarwanyi ba ki Islam mu kwezi guheze.
Abantu benshi baguye mu gahundwe banatwarwa n'ishavu muri Nigeria, nyuma y'aho Boko Haram isohoreye video ivuga ko ariyo yatwaye abo bana kandi ikaba ishaka kubagurisha.
Abanye Nigeria barabaza igituma leta isa n'iyananiwe gutora abo bana.






