Umukwabu wakuwe mu bice vya Thailand

Ahavuye isanamu, AP
Yatangajwe
Amategeko y'umukwabu amaze gufatwa incuro icenda, yarangiye muri Koh Samui, Pattiya na Phuket.
Ariko umukwabu -wafashwe mu kwezi guheze kubera guhirika ubutegetsi- uzokomeza kubahirizwa ahandi hose mu gihugu hasigaye, harimwo na umurwa mukuru Bangkok.
Igisirikare cavuze kivyeruye ko kitazokwihanganira uwinuba ubutegetsi bwaco.
Cagabishije kandi abo bose bashobora kwitabira imyiyerekano, canke bakoresha indamutso yo kuduza intoke zitatu, ari nayo kimenyetso abatavuga rumwe n'ubutegetsi bakoresha.






