G7 iragabisha Uburusiya ku bihano

Obama na Merkel mu nama ya G7 05/06/14
Insiguro y'isanamu, Obama na Merkel mu nama ya G7 05/06/14
Yatangajwe

Abo bategetsi bari bavuze ejo ko biteguye gufatira ibindi bihano Uburusiya, hamwe bwokomeza kudurumbanya ubuseruko bwa Ukraine.

Iyo nama y'ibihugu vya G7, izokurikirwa n'ibiganiro amaso mu yandi bizobera iParis. Ivyo biganiro bizoba hagati ya perezida w' Uburusiya Vladmir Putin, n'abategetsi b' Ubwongereza, Ubufaransa, ndetse n'abo Ubudagi bashobora kubamwo.

Umushikiranganji wa mbere w'Uburusiya Dmitry Medvedev yagirije uwo murwi G7 agashinyaguro keruye, ngo mu kuvuga ko ibikorwa vya gisirikare vya leta ya Ukraine ku bashaka kwiyonkora bo mu buseruko, bitarenze urugero.