Papa arasabira uburasirazuba bwo hagati

Papa Francisco na Shimon Peres
Insiguro y'isanamu, Papa Francisco na Shimon Peres
Yatangajwe

Perezida wa Israel Shimon Peres, kumwe n'umukuru w'abanyapalestina Mahmoud Abbas, baraja hamwe na Papa mu gusengera amahoro mu karere k'uburasirazuba bwo hagati.

Abagiye gushengerera b'Abanyapalestina, bazungagiza amabendera mu kibuga citiriwe Petero mweranda, igihe Papa yashimira abo bose basengeye uwo mubonano kugirango ugende neza.

Papa yavuze ko ata ruhara afise mu buryo butaziguye mu biganiro vy'amahoro.

Ariko ngo yizeye ko uwo mubonano uza gutuma igicu kiri hagati y'izo mpande zompi ceyura, imigenderanire bafitanye ikisununura.