Uhuru Kenyatta yashitse mu Buhorandi

Ahavuye isanamu, Getty
Yatangajwe
Umukuru w'igihugu wa Kenya, Uhuru Kenyatta, yashitse mu Buholandi, umunsi umwe imbere y'uko arenguka imbere ya sentare mpanavya mpuzamakungu iri i La Haye.
Bwana Kenyatta, azoba ariwe mukuru w'igihugu wa mbere yitavye iyo sentare, akaba yagirizwa ivyaha vyo gutegura ubwicanyi bwakurikiye amatora yo mu 2007; ahakana ivyo yagirizwa.
Yahamagajwe n'iyo sentare ngo atange insiguro ku bivugwa yuko ibimenyetso bimwagiriza vyahishwe.
Umukuru w'urwego rw'ubucamanza rwa Kenya yarengutse imbere y'iyo sentare uno munsi, yahakanye ivyagiriji vy'abacamanza, vy'uko leta ya Kenya yanse gutanga ivyo bimenyetso.






