Ibiro vya perezida w'Uburundi biregwa ruswa

Umukuru w'ishirahamwe OLUCOME, Gabriel Rufyiri, avuga ko itangwa ry'isoko ryo kwimba ubutare ryagiyemwo igipfungu cinshi kinyegeje ukurya ibiturire.
Umukuru wa OLUCOME yemeza kandi ko abahawe urwo ruhusa rwo kwimba ubutare bamaze no kurushira kw'isoko bashaka nabo ku rugurisha.
Reta iherutse gutangaza ko hagiye gutangura ibikorwa vyo kwimba ubutare bwa Nickel i Musongati mu ntara ya Rutana.
Gabriel Rufyiri we yemeza ko ari n'ukubesha Abarundi ivyo bidashoboka muri kino gihe.
Umuvugizi w'umukuru w'igihugu Leonidas Hatungimana yaremesheje ikiganiro n'abamenyeshamakuru, aho yabeshuje ivyo bivugwa na OLUCOME.
Avuga ko OLUCOME ata cemezo kigaragara yerekanye, ko gutanga iryo soko ryo kwimba ubutare kwagiyemwo igipfungu.
Yishimikije itegeko rigenga kurondeza no kwimba ubutare, Leonidas Hatungimana avuga ko Leta atari yo itegerezwa guhamagaza abaja guhiganirwa iryo soko.
Nayo ku kibazo c'uko urwo ruhusha rwatanzwe rwoba ruriko ruragurishwa, umuvugizi w'umukuru w'igihugu avuga ko ishirahamwe ryatsindiye iryo soko ata ruhusa ribifitiye.
Akavuga ko hamwe basanze ivyo OLUCOME ivuga ari ivyo, boheza bakabikwirikirana.










