Imyiyerekano muri Hong Kong yerekeje kwa CY Leung

Bagiye bafise ivyapabiriko ifoto ya CY Leung ku rugo iwe
Insiguro y'isanamu, Bagiye bafise ivyapabiriko ifoto ya CY Leung ku rugo iwe
Yatangajwe

Mu kiganiro yatanze, CY Leung asa n'uwavuze ko guha abakene uburenganzira bwo gutora atari iciyumviro ciza.

Mu kindi gice c'umuji, habaye gukozanyako hagati y'abari mu myiyerekano n'abatayishaka, bagomba gusambura ivyo abo bari mu myiyerekano bari bazibije.

Imyiyerekano yo gusaba demokarasi muri Hong Kong arabandanije, n'ubwo abanyeshure bayitanguje bari mu biganiro n'abategetsi ba reta