Igisasu mu muhango w'Abashia muri Nigeria

Abaislamu b'Abashia muri Nigeria uno munsi bizihije Ashura
Insiguro y'isanamu, Abaislamu b'Abashia muri Nigeria uno munsi bizihije Ashura
Yatangajwe

Igisasu caturikiye mu muhango w'Abaisalmu b'Abashia mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria cahitanye abantu benshi.

Ababibonye babariye BBC ko abantu bashika mirongo ibiri bapfuye igihe umwiyahuzi yatumbereza abaje gusenga mu muji wa Potiskum.

Isinzi ry'abantu bari bahuye ku munsi wa Ashura, aho Abaislamu bibuka ukwitanga kwa Hussein, umwuzukuru w'umuhanuzi Muhammad.

Umugwi w'abarwanyi, Boko Haram, wari umaze kugaba ibitero kenshi muri uwo muji.

Hagati aho igipolisi mu ntara yo hagati mu gihugu ya Kogi, kivuga ko igitero cagabwe n'abantu bataramenyekana kw'ibohero, cabohoje impfungwa nyinshi.