Inama ku kibazo ca Burkina Faso

Ahavuye isanamu, EPA
Yatangajwe
Abakuru b'ibihugu vya Ghana, Nigeria na Senegal bari muri Burkina Faso mu nama n'abakuru b'igisirikare ngo babahimirize gusubiza ubutegetsi abasivile.
Uwahoze ari umukuru w'igihugu wa Burkina Faso, Blaise Compaore, yatanze imihoho kuwa gatanu, nyuma y'imyaka mirongo ibiri n'indwi ari ku butegetsi.
Igisirikare caciye gifata ubutegetsi, nyuma y'imyigaragamvyo ikomeye yo kwiyamiriza Compaore mu ndwi iheze.
Umukuru mfatakibanza, Lt Col Isaac Zida, yaremeye ko azosubiza ubutegetsi abasivile mu ndwi zibiri, nk'uko vyasabwe n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika.
Umukuru w'igihugu wa Cote d'Ivoire, Alassane Ouattara, yavuze ko bwana Compaore, asanzwe ari muri Cote d'Ivoire, azohaguma igihe cose azoshakira.






