Tanzania: Abashikiranganji bisobanuye kuri ruswa

Abashingamateka muri Tanzania
Insiguro y'isanamu, Abashingamateka muri Tanzania
Yatangajwe

Muri Tanzania abategetsi bo muri leta bagirijwe n'icegerenyo c'iperereza ry'inama nshingamateka ku ukunyuruza amafaranga y'igihugu agera ku milioni zirenga ijana na 60 z'ama dollars y'Amerika, uno munsi batanguye kwisigura imbere y'iyo nama.

Abo bategetsi baregwa harimo n'umushikiranganji wa mbere Mizengo Pinda.

Uwiriwe arisugura uno munsi n'umushikiranganji ajejwe ubutare n'amasoko ntanganguvu Saspita Muhongo wisobanuye na rirya ayo mafaranga yakuwe ku ma konte y'ikigo kijejwe gutanga umuyagankuva.

Umushikiranganji Muhongo yavuze ko ayo mafaranga atari ay'abanyagihugu ariko abashingamateka ntibavyemeye barabaza impamvu niba atari amafaranga y'abanyagihugu ni mpamvu ki banki nkuru n'abashikiranganji bajejwe amategeko muri Tanzania bakurikiranaga ivy'ayo mafaranga.

Ikigo kijejwe amashanyarazi muri Tanzania, TANESCO nicyo kivugwamo icyo kibazo ariko ayo mafaranga bikavugwa ko yavuye muri konte gisangiweho n'irindi shyirahamwe ryigenga Independent Power Tanzania Limited (IPTL).

Izi mpaka zibera mu nteko nshingamateka ifite icyicaro i Dodoma ziteganijwe kuzorangira ejo kuwa gatanu.